Misiri irageramiwe,bivugwa na perezida

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inama y'igihugu ijejwe kwivuna abansi yashinze ibihe bidasanzwe mu bice bimwe bimwe vya Sinai

Umukuru w'igihugu ca Misiri Abdul Fatah al-Sisi yavuze ko igihugu ciwe kigeramiwe n'abagwana jihad inyuma y'aho igitero muri Sinai gihitaniye abasirikare benshi ubwa mbere mu myaka myinshi.

Abasirikare nibura 31 barishwe kuri uyu ewa gatanu mu bitero bibiri, icahitanye benshi kikaba cari ic'ikibombe caturikiye hafi y'igisagara ca El-Arish.

Ikiringo c'ibihe bidasanzwe c'amezi atatu caciye gishingwa mu bice bimwe bimwe vya Sinai, icambu ca Rafah kija mu karere ka Gaza

naco kikaba cugawe. Hashinzwe ikigandaro c'iminsi itatu.

Mw'ijamboi yashikirije kuri television, prezida Sisi yavuze ko hari umugambi mubi munini uriko urategurwa kuri Misiri n'inguvu zo hanze. Nta mugwi n'umwe uremanga ko ariwo wakoze ivyo bitero vyabaye mu gihe ingabo zibandanya kurwanya aba jihad mu buraruko bwa Sinai.

Iyo ntara irangwamwo uruhagarara kuva prezida Hosni Mubarak akuwe ku butegetsi mu 2011.

Mu kwezi kw'icenda abapolisi nibura 11 barishwe mu gitero c'ibombe ku rukurikirane rw'imodoga muri iyo ntara nyene igihe zariko zirarengana mu kirwati ca Wefaq hafi y'urubibe na Gaza.