Iran yanyonze Reyhaneh Jabbari amakungu asemerera

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Reyhaneh Jabbari bamumajije amezi abiri ari ahantu ha wenyene ata mushingwamanza canke umuntu wo mu muryango wiwe arekuriwe kubona

Iran yanyonze umugore n'ubwo amakungu yakomeje gusemerera asaba ko ico gihano cohebwa canke kikagabanywa.

Reyhaneh Jabbari w'imyaka 26 yamanitswe mw'ibohero ry'i Teheran ku wa gatandatu mu gitondo. Yari yagiriwe n'icaha co kwica umugabo avuga ko yashatse kumufata ku nguvu.

Jabbari yari yafashwe mu 2007 yagirizwa urupfu rwa Morteza Abdolali Sarbandi,, yigeze kuba akorera igista c'iperereza.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International ryavuzeko iryo nyongwa ryiwe ribabaje cane.

Isekeza ryo gusaba ko iryo nyongwa ryohagarikwa ryarakozwe kuri Facebook na Twitter kandi rirasa nk'uko ryari ryatumye ico gihano kidashirwa mu ngiro mu kiringo gito.

Ariko itororokanirizo ry'amakuru rya leta ya Iran Tasmin ryavuze ku wa gatandatu ko Jabbari yanyonzwe nyuma y'aho abiwabo bananiriwe no kwemererwa guhagarika ico gihano n'abo mu muryango wabuze.

Ryavuze ko insiguro z'uko yamwishe ariko arivuna zitaronse ivyemezo muri sentare. Yari yaciriwe urubanza rwo gupfa na sentare y'i Teheran mu 2009.

Amnesty International ivuga ko yagirijwe icahe inyuma y'amatohoaa yakozwe nabi cane.

N'ubwo yemeye ko yacumise uwo mugabo imbugita mu mugongo, Jabbari yemeze ko hari uwundi muntu mu nzu yaciwe amwica.

ONU ivuga ko Iran imaze kunyonga abantu 250 muri uyu mwaka.

.