Banki 24 z'i Bulaya ntizifashe neza

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Banki 24 z'i Bulaya zifise amezi 9 yo kwigarukira kugira ntizugarwe

Banki 24 z'i Bulaya zishobora kwugara hamwe zitoronka ingene zongereza imitahe nk'uko bivugwa n'urwego rwa Bulaya rujejwe kugenzura amabanki, EBA.

Ayo mabanki ubu afise amezi icenda kugira ashire ku murongo ubutunzi bwayo. Nta banki zo mu Bwongereza zirimwo.

Urwego rwa Bulaya rujejwe amabanki rwayasuzumye rufatiye ku biharuro vy'ingene ubutunzi bwayo bwari bwifashe mu mpera za 2013.

Kuva ico gihe 10 muri zo ziramaze gufata bingingo zo kugabanya igihombo. Ayo ma banki 14 asigaye yose ari mu karere k'ibihugu bisangiye ifaranga rya Euro,Eurozone. Harimwo 4 zo mu Butaliano,2 zo mu Bugiriki, 2 mu Bubiligi na 2 zo muri Slovenie.

Imerewe nabi kurusha izindi ni Monte dei Paschi yo mu Butaliano ibura miliardi zirenga 2 z'ama euros mu mutahe wayo.