Ebola: Samantha Power yaneguye imfashanyo y'amakungu

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakozi bo kwa muganga muri Guinee aho Samantha Power yatanguriye urugendo

Uhagarariye Leta Zunze Ubumwe muri Amerika Samantha Power yatanguye urugendo mu bihugu bitatu bisisnzikajwe na Ebola agaye cane ivyo amakungu amaze gufasha gushika ubu.

Samantha Power yashikiye muri Guinee ariko akazogendera Sierra Leone na Liberia. Yabwiye NBC ko bimwe mu bihugu vyemeye guafasha bitarabishira mu bikorwa mu gutanga imfashanyo n'abaganga.

Abantu barenga ibihumbi 10 baramaze gufatwa n'indwara ya Ebola , abo imaze guhitana bakaba ari 4.922 nk'uko biri mu cegeranyo gishasha ca OMS.

Uretse 27 bonyene, abantu bose bamaze kwicwa na Ebola n'abo muri Sierra Leone, Liberia na Guinee.

Yabbwiyr NBC ati'' inyishu y'amakungu ku kibazo ca Ebola ikwiye gufatwa ku rugero rutandukanye cane n'ingene bimeze gushika ubu''.

Yavuze ati'' hari ibihugu muri ONU aho nkora vyririgwa biremeza ingingo bishimagiza igikorwa coza ca Amerika, Ubwongereza n'abandi bariko barakora ariko vyonyene ata na kimwe birakora mu kurungika abaganga, ibitanda canke amafaranga afadika''.

Samantha Power azogendera ibigo mpuzabikorwa mu kurwanya Ebola, agendere n'abakozi ba ONU n'ubwi bitaramenyekana neza niba azogendera abarokotse ikiza ca Ebola.

Ministere yo kwivuna abansi ya Amerika Pentagon yamenyeshejke ko intwazangabo nshasha, Gen Maj Gary Volesky yahawe igikorwa co gutegeka inteko zagiye kurwanya Ebola muri Africa y'uburengero.

yavuze ko ingabo z'abanyamerika zimaze iminsi 38 zishitse muri Liberia zubatse laboratoire zibiri nshasha kandi ko ibitaro vy'ibitanda 25 bishobora kuba vyatanguye gukora mu kwezi kwa 11.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zemeye kurungika abasirikare 4.000 kuja kwubaka ibitaro no kwigisha abavuzi, 600 muri abo bakaba bamaze gushika.