Urubanza rw'aba MSD rwabereye mu Mpimba

Image caption Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD ubu yarahuze Uburundi

Ubanza rw'abanywanyi barenga 40 b'umugambwe utavuga rumwe na Leta y'Uburundi MSD rwashashe mu buryo butamenyerewe.

Intahe y'uno munsi yabereye mw'ibohero rikuru rya Mpimba.

Urwo rubanza bwari ubugira kabiri rushizwe mu ntahe y'icese muri sentare isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura.

Ariko ivyatangaje benshi kandi bitari binamenyerewe rwashashe mu nyubakwa z'ibohero rikuri rya Mpimba ahasanzwe hafungiwe abo banywanyi 45 b'umugambwe MSD.

Ninaco gituma rutashoboye kuburanishwa mw' ido n'ido kubera impari ndende hagati ya Sentare n'abashingwamanza zifatiye ahanini kuri ico kibanza urwo rubanza rwabereyemwo , ruca rwungururizwa kw' itariki ya 1 z'ukwezi kwa 12.

Abo banywanyi b'umugambwe MSD bafashwe mu kwa gatatu bagirizwa kugarariza n'ukuja mu mirwi yo kugumuka.

Sentare nkuru y'igisagara ca Bujumbura yari yabaciriye igifungo kiri hagati y'imyaka 5 n'umunyororo wo guherayo.