Umushikirizamanza arunguruza urubanza rwa Oscar Pistorius

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Oscar Pitorius yaciriwe gupfungwa imyaka itanu kubera kwica umukobwa bakundana Reeva Teenkamp

Abashikirizamanza muri Africa y'Epfo bamenyesheje ko bagiye kwunguruza urubanza rwa Oscar Pistorius ku caha yagiriwe n'igihano yaciriwe kubera ukwica umukobwa bakundana.

Ku ndwi iheze, Pistorius yatanguye umunyororo w'imyaka itanu kubera ica co kwica atabishaka Reeva Steenkamp , n'ubwo ashobora gusohoka ibohero inyuma y'amezi icumi.

Uwo munonotsi yacitse amaguru yompi yagizwe umwere ku caha co kugandagura.

Ukwo kwunguruza ku caha guahingiye ku kibazo c'amategeko nk'uko vyatangajwe n'umuvugizi w'ubushikirizamanza.

Umuryango wa Pitsorius wo wamenyesheje ko atazokwunguruza.

uwo munonotsi yaciriwe kandi umunyororo w'icamaso w'imyaka 3 kubera kurasa mu nzu y'uburiro.