Ikibazo ca fistule kirigwa i Kampala

fistula Uwufise ububasha kw’isanamu unk
Image caption Fistula ishikira umugore aba yakomeretse igitereko mu gihe co kuvyara

I Kampala muri Uganda hakoraniye inama mpuzamakungu y'iminsi itatu ku kibazo c'indwara yo mu kigo (fistule) bivugwa ko itera ibibazo milioni 3 z'abagore kw'isi yose.

Abenshi mu bagore bagira izo ngorane baranenwa n'ababo.

Ishami rya ONU riraba igwirirana ry'abantu kw'isi FNUAP riharura ko abagore ibihumbi 50 buri mwaka bagira ingorane zitera indwara yo mu kigo (fistule) mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere.

Mu bihugu vyinshi vyo muri Africa, abagore baragira ingorane igihe co kuvyara rimwe na rimwe kubera bataba barigeze bahja kuraba umuganga bafise inda, kubura abaganga bobitaho neza canke mbere kubera ugusamara kw'abakozi bo kwa muganga.

Ivyo bituma igitereko gikomereka canke inzira umwana acamwo mu kuvuga igatabuka bigatuma uwo bishikiye adahobora kugenzura isohoka ry'umukoyo n'iry'umwanda mukuru.

Benshi mu bo bishikira ntibaronka ingene bivuza, mu gihe hari abandi batazi ko bashobora kuvurwa bagakira gutyo bakaguma ngaho bababara mu gacerere imyaka n'iyindi igahera.

Muri Uganda FNUAP iharura ko hafi abagore 1900 bagira ingorane zibatera indwara yo mu kigo buri mwaka. Ico gitigiri gishobora kuba kiruta ho kuko abenshi batabivuga kandi ntibivuze kubera gutinya ko bimenyekana.

Abaharanira ko abagore bavugwa iyo ngorane n'abakozi bo kwa muganga bitavye iyo nama y'i Kampala bavuga ko abafise izo ngorane bakwiye kubandanya bavugirwa habe n'ukumenyesha cane ibijanye n'iyo ndarwa kugira abagore benshi bashobore kuvurwa n'ugukorwa indwara yo mu kigo.