Umukuru wa Banki y'isi yateye akamo ko kurwanya Ebola

abakozi bagwanya Ebola Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Muri Liebria, Sierra Leone hakenewe abakozi bo mu buvuzi ibihunbi kugira Ebola ihagarikwe

Umukuru wa Banki y'isi yose - Jim Yong - yasavye ashimitse abakozi bo mu buvuzi hirya no hino kw'isi kuja gufasha mu bihugu bivugwamo indwara ya Ebola.

Jim Yong yavuze ko hakenewe nibura abakozi bo kwa muganga ibihumbi 5 kugira iyo ndwara ishobore kurwanywa.

Jim Yong yavuze ko ubwoba bwatumye abaganga, abaforoma n'abaformokazi benshi batinya kuja gufasha abarwayi ba Ebola muri Liberia, Sierra Leone na Guinee.

Umuryango w'ubumwe bw'afrika uvuga ko kugeza ubu ibihugu biwugize vyiyemeje kurungika abakozi bo mu buvuzi ibihumbi bibiri muri ivyo bihugu bitatu.

Iyo ndwara ya Ebola imaze gufata abantu barenga ibihumbi 10.

Umukuru wa Banki y'isi ako kamo yagateye ari i Addis Abeba aho yagiye aherekeje umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon, bakaba bandi bari kumwe kandi n'umukuru w'ishirahamwe ry'ibihugu vya Africa Nkosazana Dlamini-Zuma.

Yavuze ati ''Mu gihe hari ubwoba mu bice ahantu henshi, nzizigiye ko abaganga bazokwibuka ko igihe barahirira iryo banfa ngo babe abavuzi hari ukubera ibihe nk'ibi nyene''.

Ibihugu bigiza Africa bimaze kwemera kurungika muri Africa y'uburengero abaganga n'abandi bakozi bo mu buvuzi ibihumbi 2.

Umunyamabanga mukuru wa ONU yavuze ko urugero rw'abandura indwara ya Ebola n'ubu urutta kure uburyo amakungu amaze gutanga yo kwitaho abarwayi.

Yavuze gufata ingingo z'abava canke baja mu bihugu bisnzikaye bizotuma utwigoro tw'amakungu tugabanuka.