Liberia:abafatwa na Ebola bagabanutse

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption OMS ivuga ko utwigoro two kurwanya Ebola turiko turagira ico dushikako

OMS ivuga ko hagabanutse ikwiragira rya Ebola muri Liberia, igihugu cari gisinzikajwe n'iyo ndwara kurusha ibindi vyose.

Icegra c'umukuru w'iryo shami rya ONU riraba amagara kw'isi Bruce Aylward yavuze ko ubu rifise icizere ko uwtwogoro tow kurwanya Ebola turiko turagira ico dushikako.

Ariko yagabishije abo bose bokwibaza ko ikibazo kiriko kirarangira.

yavuze ko ibitgiri bishasha vy'abamaze gufatwa muri rusangi ubu ari 13,703 kandi ko igitigiri c'abamaze gupfa , mu cegeranyo co kuri uru wa gatatu, gishobora kuba kirenga 5,000.

Ico gitgiri c'13,703 ni kinini cane ugereranije n'icari mu cegeranyo caheruka ca OMS co ku wa gatandatu aho yari yerekanye ko abafashwe barenga 10,000 ku ncuro ya mbere-10,141.

Muganga Aylward, asanzwe ari icegera c'urungoye OMS yavuze ko ukwo kwiyongera kweatumwe n'uko ibigiri vyasubiyemwo hagiyemwo n'ivya kera, bitavuga ko ari abandi bantu benshi bafashwe.

'