S Lanka:hapfuye 10, nayo 300 babuzwe irengero

Image caption Abategetsi bavuga ko abantu 300 babuzwe irengero

Abantu nibura icumi bapfuye abandi amajana baburwa irengero kubera imisozi yasenyutse hagati muri Sri Lanka nk'uko abategetsi babibwiye BBC.

Iyo misozi, yasenyutse biturutse ku mvura nyinshi yo mu gihe bita mousson, yahamvye amazu 140 mu ntara ya Badulla nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Abajejwe umutekano bahamagawe kuja mu bikorwa vyo kurondera no gutabara.

Hari habaye kugabishwa ko hasobora kuba imirindi y'ivyondo inyuma y'aho hagwiriye imvura nyinshi muri Sri Lanka mu ndwi ziheze.

Iyo misozi yasenyutse yahambagiye imirima y'icayi ya Meeriyabedda hafi y'igisagara ca Haldummulla ibilometero hafi 200 mu buseruko bw'umurwa mukuru wa Colombo.

Abantu 10 nibo bemejwe ko bapfuye nabo amajana 3 bakaba babuzwe irengero.