Umuzungu abaye umukuru wa Zambia

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Guy Scott abaye umuzungu wa mbere abaye umukuru w'igihugu muri Africa inyuma ya FW de Klerk

Uwahora ari icegera c'umukuru w'igihugu ca Zambia Guy Scott yagenywe kuba umukuru w'igihugu w'imfatakibanza inyuma y'urupfu rwa prezida Michael Sata.

Amatora yo kumusubiriza burundu ategerzwa kuba mu minsi 90 nk'uko vyatangajwe na ministre ajejwe kwivuna abansi Edgar Lungu.Scott abaye umukuru w'igihugu wa mbere w'umuzungu kuva kuri FW de Klerk muri Africa y'Epfo mu gihe ca apartheid.

Umukuru wa Zambia Michael Satayitavye imana ku wa kabiri mw'ijoro mu bitaro vya King Edward VII i Londres.

Yari afise imyaka 77 akaba yari amaze iminsi ariko arivuriza i Londres.

Hari haheze emezi atari make hari urukurukuru ku magara make ya Sata.

Guy Scott hari abahora bamwita icegera c'umukuru w'igihugu wo kwerekanwa mu birori gusa.

Yavutse mu 1944 mu cahoze citwa Rhodesia inyuma y'aho se yimukiye ava i Glasgow akaja gukora muri ico gihugu nk'umuganga.

Yize kaminuza ya Cambridge ivy'ubutunzi akaba yinjiye politike mu 1990 mu mugambwe MMD witsinze amatora ya mbere mu mwaka wakurikiye.

Nka ministre ajejwe uburimyi yahanganye n'ikibazo c'uruzuba rwo mu 1992/93. Yinjiye mu mugambwe Patriotic Front wa Michael Sata mu 1991 aca amugene icegera ciwe mu kwa cenda uwo mwaka uwo mugambwe umaze gutsinda amatora yo mu kw'icenda.

Abavyeyi biwe nytibavukiye muri Zambia bivuze rero ko dashobora kwitoza ngo ebe umukuru w'ico gihugu hakurikijwe ibwirizwa nshingiro rihari ubu.