Blaise Compaore yatanze imihoho

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Blaise Compaore yari amaze imyaka 27 ku butegetsi

Umukuru wa Burkina Faso Blaise Compaore yatangaje ko atanze imihoho inyuma y'iminsi ibiri y'imyiyerekano y'abantu bashaka ko ahava.

Yari amaze imyaka 27 ku butegetsi.

Comapore yasohoye itangazo avuga ko intebe y'umukuru w'igihugu ubu igaragara kandi ko amatora azoba mu mezi atatu.

Umukuru w'ingabo General Honore Traore yamenyesheje ko aciye afata ubutegetsi.

Hakurikijwe ibwirizwa nshingiro, general Traore azotwara ikiringo c'imfatakibanza c'amezi atatu.

Ategerzwa guca atunganya amatora mu kiringo c'iminsi 90.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption General Honore Traore yari asanzwe ariwe mukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare

Abantu amajana n'amajana bari basubiye kuzinduka bashwara ku munsi ugira kabiri umurwa mukuru wa Burkina Faso Ouagadougou, basaba prezida Blaise Compaore gutanga imihoho.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bakoresheje imbuga hwaniro za internet kugira basabe abanyagihugu gusubira kugira imyiyerekano.

ku wa kane abari mu myigaragamvyo muri Burkina Faso, bahutse inama nshingamateka imbere yuko hatorwa ingingo idashimwa na bose.

Abashingamateka bagomba gutora ku mugambi wa leta wo gusubiramwo ibwirazwa nshingiro kugira umukuru w'igihugu Blaise Compaore ashobore gusubira kwitoza mu mwaka uza.

Bwana Compaore yagomba kuva ku butegetsi nyuma y'amatora yo mu mwaka uza.

Yafashe ubutegetsi mu 1987 amaze gutembagaza ubutegetsi, akaba yaratsinze amatora menshi vyavugwa ko yabayemwo utunenge.