Umushinwa yafatanywe miliyoni 33 z'ama dollars mu nzu

Abategetsi b'ubushinwa mu nam a Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abategetsi benshi mu Bushinwa baramaze gukorwako amaperereza y'ibiturire

Abakora amatohza yo kurwanya ibiturire mu Bushinwa bemeje ko bafashe amafaranga abona angana na miliyoni 33 z'ama dollars mu nzu y'umutegetsi mu kwezi kwa gatanu, ayo akaba ariyo mafaranga menshi afashwe gutyo gushika ubu.

Amafaranga y'ubushinwa ariyo yuan arenga miliyoni 200 yarafashwe nazo i mashine zine kuri 16 zo kuyaharura zikaba zaraturitse ziriko zirayapima nk'uko vyavuzwe n'umushikirizamanza.

Umutegetsi mu gisata c'amasoko ntanganguvu Wei Bengyuan ariko arakorwako amatohoza kubera ibiturire.

Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping yariyemeje kurwanya ibiturire muri ico gihugu.

Ayo mafaranga yavuzwe ubwa mbere n'ibinyamakuru mu Bushinwa mu kwezi kwa gatanu, yemejwe mu kiganiro n'abanyamakuru n'umuhikirizamanza mukuru mu kurwanya ibiturire Xu Jinhui.

Gushika ubu mu Bushinwa hamaze gucirirwa imanza abantu 13.000 bagirizwa ibiturire mu mezi icenda ya mbere y'uyu mwaka wa 2014 wonyene.

Prezida Xi yagabishije avuga ko urugamba rwiwe rwo kurwanya abarya ibiturire ruzohitana '' ingwe co kimwe n'isazi'', avuga ko ata n'umwe n'aho yoba akomeye mu mugambwe, azorucika.