Leta izoba iy'abasivile muri Burkina Faso

Lt Col Isaac Zida avuga ko ubutegetsi buzohabwa umusivile
Image caption Lt Col Isaac Zida avuga ko ubutegetsi buzohabwa umusivile

Igisirikare ca Burkina Faso cafashe ubutegetsi nyuma y'ugutanga imihoho kwa Blaise Compaore, kivuga ko leta mfatakibanza izotwarwa n'umusivile.

Umugabo yatowe n'igisirikare ngo abe umukuru w'igihugu mfatakibanza, Lieutenant Col Isaac Zida, yabariye abaserukiye ibihugu ko umuntu yumvikanwako na bose ariwe azogenwa.

Inama y'umugwi w'umutekano w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika yabereye i Addis Abeba, yasavye ko ubutegetsi buhabwa umusivile muri Burkina Faso mu ndwi zibiri.

Umutekano wagarutse ku murwa mukuru Ouagadougou, nyuma y'indwi yaranzwe n'akaguma, katumye bwana Compaore atanga imihoho nyuma y'imyaka mirongo ibiri n'indwi ari ku butegetsi.