Umwigisha wa Islam yishwe i Mombasa

Abigisha ba Islam batandatu baramaze kugandagurwa i Mombasa
Image caption Abigisha ba Islam batandatu baramaze kugandagurwa i Mombasa

Abantu bataramenyekana bitwaje inkoho bishe umwigisha wa Islam agira ku vyiyumviro biri hagati, mu muji wa Mombasa muri Kenya.

Sheikh Salim Bakiri Mwarangi, yarangura ibikorwa vyo kurondera amahoro akanarwanya ubutagondwa.

Yarashwe ejo kuwa kabiri ari munzira ataha muhira iwe avuye mu masengesho yo ku mugoroba, ku musigiti uri mu muji.

Abigisha batandatu ba Islam, bagizwe n'intagondwa hamwe n'abari hagati, baramaze guhitanwa n'ibitero vy'ibisasu vy'abiyahuzi bakorana n'umugwi Al-Shabab wo muri Somalia.