FDRL ivuga ko gushira imbunda hasi bigiye gukomeza

FLDR ivuga ko umugambi wo gushira ibirwanisho hasi ugiye gukomeza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption FLDR ivuga ko umugambi wo gushira ibirwanisho hasi ugiye gukomeza

Umugwi urwanya leta y'u Rwanda ufise icicaro mu buseruko bwa Kongo, FDLR, uvuga ko umugambi wo gushira ibirwanisho hasi ugiye gukomeza.

FDLR iheruka kwandikira umukuru w'igihugu wa Kongo hamwe n'abandi bo mu bihugu bigize ishirahamwe SADEC, ivuga ko inzitizi zatuma gushira ibirwanisho hasi bitaba, zaheze.

Uwo mugwi kandi uvuga ko ubu ugiye kurungika intumwa kuraba uko aho ugomba kwegeranirizwa i Kisangani hameze, mu nyuma abarwanyi bari Walungu na Kanyabayonga, bace bajanwa i Kisangani.

FDLR kandi ivuga ko kuri ubwo, umugambi wo guheba intambara y'ibirwanisho ikaja mu rugamba rwa politike ukomeza.

Ivyo kandi vyemejwe n'umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyesha amakuru, Lambert Mende, yabwiye BBC ko iryo kete rya FDLR baribonye.

Bwana Mende yavuze ko yizera ko ubu umugambi wo kwaka ibirwanisho FDLR, igasubira mu Rwanda canke mu kindi gihugu kitari Kongo, usubiye mu nzira nziza.