Al Shabaab yigaruriye izinga rikomeye

Al Shabaab yigaruriye izinga rya Kudha, yari yatswe mu kwezi guheze
Image caption Al Shabaab yigaruriye izinga rya Kudha, yari yatswe mu kwezi guheze

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wo muri Somalia, Al Shabaab, wafashe izinga rikomeye mu bumanuko bw'igihugu uryatse abarwanyi begamiye leta.

Ababibonye bavuga ko abantu bashika mirongo ibiri biciwe mu mirwano ikomeye yadutse Al Shabaab imaze gutera izinga rya Kudha mu gitondo c'uno munsi.

Izinga rya Kudha riri mu bumanuko bw'umurwa mukuru w'intara, Kismayo, rikaba mu kwezi guheze ryarirukanywemwo abarwanyi ba Al Shabaab.

Barikoresha nk'ikibanza abagaba ba Al Shabaab binyegezamwo.

Mu mezi aheze, abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika hamwe n'aba leta ya Somalia, baratse Al Shabaab ibibanza bikomeye bitari bike.