Australia : Inama y'ibihugu 20 bikize yarangiye

Inama y'ibihugu 20 bikize Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibera muri Australia

Umushikiranganji wa mbere wa Australia Tony Abbott yaarangije inama y'ibihugu 20 bikize kw'isi asobanura ibyo abakuru b'ibihugu biyemeje mu mwumvikano bagize mu by'ubukungu.

Yavuze ko ibyo nibyubahirizwa bizateza imbere ubukungu bw'isi ho 2 n'igice kimwe kw'ijana mu myaka 5 iri imbere.

Uwo mubare uzaba urenze uwo bari biyemeje, ukazatuma haboneka akazi k'abantu babarirwa mu mamiliyoni.

Iyi nama yaberaga mu mujyi wa Brisbane yugarujwe n'ibinegu by'abanyaburayi k'ukuntu Uburusiya bwivanga mu kibazo cya Ukraine.

Umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin yatashye mbere yuko itangaza rya nyuma risohoka.

Igitangira abakuru b'ibihugu 20 bikize kw'isi bari bagabishije Uburusiya ko bugomba kwubahiriza amasezerano yo guhagarika imirwano muri Ukraine, bitabaye ibyo bakabufatira ibindi bihano.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yabwiye umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin ko hazaba umubano mubi hagati y'Uburusiya n'uburayi niba ingabo z'Uburusiya zikomeje kuguma muri Ukraine.

Umukuru w'Amerika Barack Obama we yavuze ko Amerika iri kw'isonga ry'abarwanya ibyo yise ivogera ry'Uburusiya muri Ukraine.

Prezida Putin yavuze ko ibihano by'ubukungu byafatiwe igihugu cye nta kamaro bifite kandi ko binyuranije n'amategeko.