Michel Kafando abaye umukuru mfatakibanza wa Burkina Faso

Michek Kafando Uwufise ububasha kw’isanamu afp
Image caption Michel Kafando azorongora Burkina Faso ikiringo c'umwaka gushika habaye amatora

Abanyepolitike n'abategetsi mu gisirikare muri Burkina Faso batoye uwahoze ari ministre, Michel Kafando,ngo abe umukuru w'igihugu w'imfatakibanza.

Ivyo vyashitsweko hahejeje kwumvikanwa kuri uyu wa mungu ku masezerano ya leta y'imfatakibanza izomara ikiringo c'umwaka imbere y'uko haba amatora.

Kafandfo yari umwe bantu bane bashobora gutorwa muri ico kibanza harimwo n'abamenyeshamakuru babiri hamwe n'umwigisha wa kaminuza.

Igisirikare cafashe ubutegetsi inyuma y'aho prezida Blaise Compaore atangaye imihoho ategererejwe gutanga imihoho gutanga imihoho ku wa 31/10 aremerewe n'imyiyerekano y'abanyagihugu.

Lt Colonel Isaac Zida yaciye atangaza ko abaye umukuru w'igihugu yemeye gusubiza ubutegetsi aba civil.

Ayo masezerano agenga leta mfatakibanza ategekanya inama nshingamateka n'umukuru w'igihugu vy'imfatakibanza gushika habaye amatora mu mwaka uza.

Kafando,w'imyaka 72, yatowe n'umugwi ugizwe n'indongozi mu mashengero, mu gisirikare, abanyepolitike, aba civil hamwe n'abarongozi kama.

Kafando, yakoze cane mu guserukira igihugu ciwe mu makungu, afise urupapuro rw'umutsindo (licence) mu mategeko yaronkeye kuri kaminuza ya Bordeaux, akagira n'urwa doctorat mu vyigwa vya politike (science politique) yaronkeye Sorbonne.

Yavukiye Ouagadougou mu 1942, arubatse akaba afise umwana umwe.

Igikorwa ca mbere ca Kafando n'ukugena umushikiranganji nwa mbere nawe azoca ashinga leta igizwe n'abantu 25.

Kafando yigeze kuba ministre ajejwe imigenderanira n'ayandi makungu akanaserukira igihugu ciwe muri ONU, ntazokwitoza mu matora akurikira.

Blaise Compaore yari yafashe ubutegetsi mu 1987 atembagaje ubwari buhari mu nyuma atorwa incura zinze.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bihereje amabarabra igihe vyavugwa ko yashaka kwitoza kandi inyuma y'imyaka yari amaze ku butegetsi.