Nigeria: indongonzi muri Islam yahamagariye abanyagihugu kwigwanira

EMuhammad Sanusi
Image caption Ubundi umu emir nta vya politike avuga

Umwe mu bantu bakomeye cane mu barongoye idini rya Islam mu buraruko bwa Nigeria yahamagaye abanyagihugu guhaguruka bakarwanya bo nyene ibitero vya Boko Haram.

Emir wa Kano, Muhammad Sanusi,yavuze ko abanyagihugu bategerezwa kuronka ivyo bakeneye kugira bikingire.

Uwo mu Emir, mu mezi aheze yari umukuru w'ibanki nkuru ya Nigeria,yabivuze mu gihe c'ikoraniro ry'igisabisho.

Umunyamakuru wa BBC, Will Ross, avuga ko kubwira abanyagihugu gutyo atari ibintu bisanzwe namba.

Ubundi umu Emir ntaco avuga ko bibazo vya politike.

Abagwasna kw'izina ry'idini rya Islam (jihadist) bo muri Boko Haram babandanya guteza uruhagarara mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, aho bamaze gufata ibisagara n'ibigwati bagaca bashinga intwaro ifatiye ku buryo bo batahura amategeko ya Islam.

Amashure yo muri kamwe mu turere dusinzikajwe cane na Boko Haram yatanguye gusubira kwugurura inyuma y'amezi umunani yugaye.

Boko Haram, bisigura ko '' amashure ya Bulaya abujijwe'', irakunda gutera ibigo vy'amashure.

Mu kwezi kwa kane uwo muhari waranyuruje abana b'abakobwa b'abanyeshure barenga amajana abiri i Chibok.

Uwo mu Emir yavuze ko abanyagihugu batorindira gutabarwa n'abasirikare kuko ngo ''hari abasirikare bata inkoho bakiruka bagahunga''