Hafi miliyoni 36 kw'isi babaho mu buja

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubuhindi nico gihugu ca mbere kirimwo ababaye mu buja benshi, ku bw'ico cegeranyo

Hafi miliyoni 36 z'abantu, n'ukuvuga 0,5% y'abantu baba kw'isi, babayeho mu buja(esclaves), nk'uko bigaragara mu cegerenyo c'ishirahamwe rigwanya ubuja Walk Free.

Igipimo c'ubuja c'uwo mugwi ( Global Slavery Index) cerekana ko Ubihindi arico gihugu ca mbere kw'isi kirimwo ababa mu buja benshi muri rusangi, naco igihugu ca Mauritiania kikaba arico gifise urugero runini kw'ijana.

Ico cegeranyo gifata ko abantu baba mu buja ari abantu bakoreshwa ku nguvu, batangwa ko ingwati kw'ideni,bagurishwa,bakoreshwa imibonano mpuzabitsina mu guca amafaranga hamwe no kurongozwa ku nguvu.

Ubwo buja n'ukubwumva mu nsiguro ya none atari nk'ivyakorwa kera mbere ubu vyaciwe aho abantu bakoreshwa nk'uko boba ari ibikoresho canke itunga ry'umuntu kanaka ku giti ciwe.

Ico gipimo Global Slavery Index cerekana ibiharuro biri hejuru kurusha abandi bose bagerageje guharura abantu bari mu buja ingene bangana.

Mu 2012, ishirahamwe mpuzamakungu riraba akazi kw'isi OIT ryagereranya ko abantu hafi miliyoni 21 bakoreshwa ku nguvu.

Ishirahamwe Walk Free rivuga ko ryasanze hariho ubuja mu bihugu vyose 167 wakozemwo amatohoza.

Ico cegeranyo kivuga ko Africa na Asia arivyo bihanzwe cane no kurwanya ubuja mu gihe i BUlaya busa n'ubutahari.

Ku bw'ico cegeranyo, abantu miliyoni 14 baba mu buja mu Buhindi. Hakurikira Ubushinwa aho barenga miliyoni 3 hanyuma Pakistan na Uzbekistan.

Uburusia bugira gatanu.

Igihugu ca Mauritania nico gifise abantu benshi baba mu buja ufatiye ku rugero rw'ababa mu gihugu bose kuri 4%.

Muri ico gihugu ubuja bukurikirana umuntu kuva ku bavyeyi.

Iryo shirahamwe risaba amakungu gufashanya kuruta mu kurwanya ubuja, rigasaba ama kompanyi akomakomeye ku kubigiramwo uruhara mu guca ikoreshwa ry'abari mu buja nzira zose aronkamwo ibidandazwa vyabo.