Israel: 4 bishwe mu gitero kuri sinagoga

Abakomeretse mu gitero i Yeruzalemu
Image caption Hapfuye nibura 4 abandi 8 barakomereka

Abanye Israel nibura bane bishwe abandi umunani barakomereka igihe abagabo babiri bitwaje pistolet,imbugita(ibyuma) n'ibibezi batera urusengero(synagogue) muri Yeruzalemu yo mu burengero nk'uko igipolisi kibivuga.

Abo bateye- abanye Palestina bo muri Yeruzalemu y'ubuseruko- barashwe barapfa nk'uko igipolisi kibandanya kibivuga.

Hamaze kuba ibitero vyinshi bihitana abantu n'imishamirano muri ino minsi biturutse ku matati ku kibanza ceranda.

Ministre wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yarahiye ko ategerezwa kwishura n'inguvu nyinshi ico gitero-ica mbere gihitanye abantu benshi muri Yerusalemu muri iyi myaka idantadu iheze.

Yavuze mw'itangazo ko ivyo ari ingaruka '' z'ikokeza rikorwa na Hamas hamwe na (prezida wa Palestina Mahmoud Abbas azwi nka) Abu Mazen, ikokeza amakungu yagumye yirengagiza''.

Hamas na Fatah ya Abbas- imigambwe ikebana y'abanye Palestina- yumvikanye gushinga reta y'ubumwe mu ntango z'uyu mwaka, ibintu vyiyamirijwe cane na Israel.

Ibiro vya Abbas vyasohoye bitangazo bivuga ko vyiyamnirije ico gitero hamwe n'iyicwa ry'abo ba civils hatarabwe uwabigize uwariwe.

Brigades Abu Ali Mustafa, ishami rya gisirikare ry'umuhari Front Populaire pour la Liberation de la Palestine, ryemanze kuba ariryo ryagavye ico gitero kuri iyo sinagoga.

Hamas n'uwundi muhari wa ki Islam wo muri Palestina, Jihad Islamique, bashimagije ico gitero.

Mu rugendio arimwo i Londres, ministre wa Anerika ajejwe imigenderanire John Kerry yavuze ko ico gitero ari ''igikorwa c'iterabwoba...kitagira ikibanza mu nyifato y'abantu''.