4 bishwe nyuma y'umukwabu ku misigiti muri Kenya

Uwufise ububasha kw’isanamu afp
Image caption Igipolisi kivuga ko catoye iryo bendera igihe cariko kirasaka, naryo rikaba rifitaniye isano na Al Shabab

Abantu bane bishwe bazibuwe imbugita (ibyuma) n'abantu bakiri bato mu gisagara ca Mombasa muri kenya nk'uko igipolisi kibivuga.

Ivyo vyabaye haheze amasaha make igipolisi gikubise umukwabu mu misigiti ibiri kivuga ko ifitaniye isano n'intagondwa za Al Shabab zo muri Somalia.

Umuntu umwe yarihswe igihe igipolisi caja kuhasaka abandi amajana abiri barafatwa.

Ababibonye bavuga ko imisoresore yihishije mu maso ifise imipamga yaciye itangura kwihereza akarere ka Kasauni, itera abantu barindiriye ku gituro c'ama bisi.

Abandi benshi bakomeretse muri ivyo bitero bisa n'ivyo kwihora ku gikorwa c'igipolisi.