Umufaransa wa kabiri muri IS

Mickael Dos Santos Uwufise ububasha kw’isanamu afp
Image caption Mickael Dos Santos yabonywe muri video ya IS

Ubufaransa bwemeje ko umufaransa agira kabiri yabonetse muri video yerekana icibwa ry'imitwe ry'abanyororo b'abanye Syria,hamwe n'ikiziga c'imbohe y'umunyamerika yishwe n'umuhari wa leta ya Islam (IS)

Ibinyamakuru vyo mu Bufaransa vyavuze ko ari Michael Dos Santos, w'imyaka 22, yinjiye idini rya Islam akaba aturuka mu nkengera zo mu buseruko bwa Paris.

Imbere y'aho abategetsi b'Ubufaransa bari babonye uwundi mufaransa muri video bavuze ko yitwa Maxime Hauchard aturuka muri Normandie nawe yinjiye idini rya Islam.

Vyibazwa ko abafaransa 1.000 bagiye kurwana muri Syria.

Ministre wa mbere Emmanel Valls yavuze avuye mu nama ku bibazo vy'umutekano i Beauvais mu buraruko bwa Paris ko hafi abafaransa 50 bamaze kugwa muri Syria.

Prezida w'Ubufaransa Francois Hollande ari muri Australia yari yabwiye abamenyeshamakuru ko kuri iyo video harimwo abafaransa babiri.

Yavuze ko abategetsi bataramenya uruhara rw'abo bantu.

Yasavye ko imiryango yohabwa amakuru menshi ku ngaruka mbi z'imbuga za internet za jihad(intambara nyeranda) anayisaba kubuza abana bayo kwinjizwa mu mirwi y'intagondwa.