Sentare muri Suede yemeje ingingo yo gufata Julian Assange

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Julian Assange amaze imyaka 2 yahungiye muri ambasade ya Equateur i Londres

Sentare isubiramwo imanza muri Suede yemeje umutahe wo gufata uwatanguje Wikileaks Jukian Assange, aronderwa kugira abazwe mu rubanza rw'ivyaha bifatiye ku gitsina.

Iyo sentare isubiramwo imanza yanse ikirego co kwunguruza cari catanzwe na Assange asaba ko hafutwa umutahe wo kumufata agafungwa wasohotse mu 2010.

Assange, ahakana ivyo yagirizwa,yahungiye mu nyubakwa z'uwuserukira Equateur i Londres atinya ko yohava ajanwa mu kindi gihugu.

Hamwe yorungikwa muri Suede, avuga ko afise ubwoba ko yohava ashingishirizwa urubanza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika kubera amabaganga ya leta yashize ahabona.

Abagore babiri muri Suede bagiriza Assange ko yabagiriye ihohoterwa rifatiye ku gitsina.

Iyo ngingo ya sentare yo kuri uyu wa kane yari yerekeye urubanza rwungurujwe ku ngingo yari yafashwe n'urwego rwa sentare rwo hasi.