Inama nshingamateka ya Nigeria yatewe ivyuka bikoroza amosozi

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Aminu Tambuwal

Abajejwe umutekano muri Nigeria barashe ivyotsi bikoroza amasozi mu nyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka ubwo yagira yige ikibazo c'umutekano mu buraruko bw'igihugu bwugarijwe n'intambara.

Inkuru zivuga ko abapolisi bariko baragerageza kubuza umukuru w'iyo nama Aminu Tambuwal kwinjira.

Tambuwal ynjiye mu wundi mugambwe avuye muri PDP uri ku butegetsi mu kwezi guheze.

Abashingamateka bagenziwe bavuga ko kuva ico gihe yari akwiye guca yakwa amabanga yo kuba umukuru w'urwo rwego.

Umukuru w'inama nkenguzamateka David Mark yaciye ategeka izo nzego zompi kuba zihagaze gukora gushika ku ndwi iza.

Tambuwal yaahagritse ibikorwa vy'inama nshingamateka haheze iminsi ahinduye umugambwe mu kwa cumi, bisa n'uko ashaka ko atokurwa n'abashingamateka bo muri PDP.

Kuri uyu wa kane bwari ubwa mbere habaye ibikorwa nyezina kuva agiye mu wundi mugambwe.

Inama nshingameta yari iramutse ishaka kwiga ibisabwa n'umukuru w'igihugu ko hokwongerezwa ikiringo c'ibihe bidasanzwe mu ntara zitatu zigeramiwe cane n'umuhari Boko Haram.

Ababibonye bavuga ko abajejwe umutekano bagerageje kubuza Tambuwal igihe yari ashitse ahakorera inama nshingamateka banugarana n'abandi banyepolitike.

Amasanamu yekanye abanye politike bambaye za costume bariko barurira inzugi hanze y'inyubakwa y'inama snhimgamateka.

Abajejwe umutekano rero baciye barasa ivyuka bikoroza amasozi , bikaba vyamaze igihe vyokera inama nshingamateka iminota itari mike.

Tambuwal bivugwa ko yahavuye ashobora kwinjira mu nyubakwa y'inama snhingamateka mu kajagari hagati y'abandi banye politike n'abajejwe umutekano.