Obama yorohereje miliyoni z'abimukira

Prezida Obama Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Obama avuga ko izo ngingo atari ikigongwe c'ikivunga

Miliyoni z'abimukira baba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu buryo bunyuranye n'amategeko bagiye gushobora gusaba impusha zo gukora akazi hakurikijwe ingingo nshasha zaraye zitangajwe na prezida Barack Obama.

Harimwo iy'uko abimukira bamaze imyaka itanu baba muri Amerika kandi bakaba bafise abana bashobora kuguma baba muri ico gihugu mu buryo buhuye n'amategeko.

Abashika miliyoni 5 bitezwe kuronka ubwo burenganzira hakurikijwe izo ngingo nshasha zafashwe hakoreshejwe ububasha bw'umukuru w'igihugu buha Obama ubushobozi bwo gushinga amategeko adaciye mu nama nshingamateka.

Aba Republicains bagirije prezida kwifatira ubutegetsi mu buryo budahuye n'amategeko.

Muri Amerika haharugwa abantu miliyoni 11 babayo mu buryo bunyuranye n'amategeko.

Kuri uwo mugambi wa Obama,abavyeyi batagira ivyangombwa ariko bafise abana babaye abanyamerika canke barekuriwe n'amategeko kuba muri ico gihugu bazoshobora gusaba impusha zo gukora akazi zizomara imyaka itatu.

Abavyeyi bamaze imyaka itanu baba muri Amerika nibo bonyene barekuriwe kubisaba-abo bakaba baharurwa muri miliyoni zine.

Abandi ibihumbi n'ibihumbi bazoronkera akarusho mu bindi vyahindutse harimwo ingingo yo kwagura indinganizo yo guha vy'imafatakibanza abashitse muri Amerika ari abana uburenganzira bwemewe n'amategeko bwo kuba muri ico gihugu.

Izo ngingo zarakaje aba Republicains. Umukenguzamateka wa Arizona John McCain yavuze ko ari ukwifatira ubutegetsi mu buryo bunyuranye n'amategeko.

Nawe umukuru w'intara ya Texas yavuze ko izo ngingo zizotuma abimukira biyongera mu kwinjira muri Amerika.

Ariko Obama yasiguye ko izo ngingo, impinduka za mbere zikomeye mu gisata c'abimukira kuva mu myaka ya 1980, atari ikigongwe c'ikivunga.

Yavuze ko n'ubwo zizotuma miliyoni z'abimukira bashobora gusaba impapuro zo gukora akazi, bitazobugururira inzira yo kuronka ubwenegihugu bwa Amerika canke kuronka ubundi burenganzira bwose bugenewe abanyamerika.