Burundi: Amahinduka mu gisirikare bakuru

Prezida Petero Nkurunziza Uwufise ububasha kw’isanamu Gahuza
Image caption Prezida Petero Nkurunziza

Mu Burundi, Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yasohoye amategeko ahindura ibibanza vya bamwe mu basirikare bakuru bakuru bari mu nzego zitandukanye z'igihugu.

Mu basubirijwe hakaba harimwo n'uwurongoye urwego rw 'i'perereza na bamwe mu bahanuzi mu vy'umutekano mu biro vy'umukuru w' igihugu.

Babicishije ku rubuga rwa internet, mu biro vy'umukuru w 'igihugu bamenyesha ko General Alain Guillaume Bunyoni yahora ari umuyobozi mwishikiira mu biro vy' umukuru w igihugu chef de cabinet civil asubirijwe muri ayo mabanga na Anatole Manirikaza , umu civil yarasanzwe arongoye ishirahamwe SOBUGEA rijejwe iyunguruza ry'abantu n'ibintu ku kibuga c indege ca Bujumbura.

Alain Guillaume Bunyoni imbere yaho, yarigeze no kuba umushikiranganji w' umutekano mu gihugu. Ubu yaciye agenwa kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru ijejwe umutekano.

Lt General Major Adolphe Nshimirimana nawe yaramaze imyaka 9 arongoye urwego rw' iperereza yasubirijwe na General Godefroid Niyombare , yaserukira u Burundi mu gihugu ca Kenya akaba yarigeze no kuba umukuru w'ibiro vya gisirikare..

Uwo yahora arongoye urwego rw' ipereza yagenywe nk'umwe mu bajejwe ingendo z'umukuru w'igihugu.

Abandi bahinduwe ni General Major Guillaume Nabindika , yahora ari umuyobozi mwishikira ajejwe ibibazo vy'igipolisi mu biro vy'umukuru w'igihugu, yasubirijwe na General Major Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika yahora ari umuyobozi mwishikira mu biro vy'iperereza.

Uwundi ni General Major Evariste Ndayishimiye yari umuhanuzi mwishikira mu vya gisirikare mu biro vy'umukuru w igihugu , yahoze ari n'umushikiranganji w' intwaro yo hagati mu gihugu, yagenywe kurongora ikigo gitegekaniriza abakozi INSS, acasubirizwa na General de Brigade Miburo Emmanuel, yahora ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Aba basirikare bo mu rwego rwo hejuru mu vy'umutekano basubirijwe , bivugwako aribo bari bahanuzwa jambo b'umukuru w' igihugu Petero Nkurunziza, hamwe no mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Naho biri uko ariko mu biro vy'umukuru w 'igihugu nta mvo batanze y'iryo hindagurika.