Mu Burundi haracari ubukene bw'ibikoresho bipima SIDA

Uko umugera wa SIDA ugaragara mu vyuma biwupima Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Uko umugera wa SIDA ugaragara mu vyuma biwupima

Mu gihe haramutse hahimbazwa umunsi mukuru wahariwe kurwanya SIDA kw’isi, ibiharuro vyerekana ko mu Burundi, abarenga ibihumbi 35 bari ku miti.

Ngo ariko haracibonekeza ubukene bw’ibikoresho bakoresha mu gupima abaje kwipimisha.

Mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya umugera wa SIDA, ishirahamwe ANSS, ryishinze kugarukira abamaze kwandura uwo mugera ryatunganije ikiganiro n’abamenyeshamakuru.

Ryavuze ko ribandanya gukora igikorwa ryishinze n’aho nyene inzitizi zitabuze.

Aha, umupfasoni Jeanne Gapiya yashinze iryo shirahamwe akaba ari na we arirongoye, yadomye urutoke ku kwumvikana guke kurangwa hagati y’amashirahamwe arwanya umugera wa SIDA hamwe na reta.

Ngo hari kandi ibura ry’imiti yo gupima uwo mugera, hamwe n’ikumirwa rigirirwa bamwe mu bandura iyo ndwara.

Jeanne Gapiya yavuze ko mu gihugu cose, abantu bari ku miti barenga ibihumbi 35, muri abo ibice 13% bakaba bafashwa n’ishirahamwe ANSS.