Guhagarika ebola ntivyagenze nk'uko vyifuzwa

"Biracashoboka ko ebola ikwira hose kw'isi" Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption "Biracashoboka ko ebola ikwira hose kw'isi"

Umukuru w'umugwi wa ONU ujejwe guhangana na ebola avuga ko ikiringo ntarengwa bihaye ngo iyo ndwara itangure kuganzwa bitakunze.

ONU yari yifuje ko mirongo indwi kw'ijana vy'abarwaye ebola boba bariko baravurwa gushika uno munsi, nayo mirongo indwi kw'ijana vy'abo yahitanye bagapfubwa.

Tony Banbury yavuze ko naho iyo ntego yashitsweko canke ikarengwa mu bice vyinshi vy'uburengero bwa Afrika, ngo ntiyashitsweko mu bice vyose.

Bwana Banbury yagabishije yuko bigishoboka cane ko ebola ikwira hose kw'isi.

OMS ariko irizera

Ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, ariko ryoryo ryerekanye icizere mu twigoro two kurwanya ebola kuri uno munsi intego zagomba gushikwako.

Umukuru w'umugwi wa OMS ujejwe ikibazo ca ebola, Bruce Aylward, yavuze ko Sierra Leone yonyene ariyo yananiwe gushika ku ntego y'uko mirongo indwi kw'ijana vy'abarwayi boba bari mu bibanza bavurirwamwo.

Yavuze ko Liberia, Guinea na Sierra Leone vyose vyashitse ku ntego yo kuba mirongo indwi kw'ijana vy'abahitanwa na ebola, bapfubwa.

Ariko yavuze ko ata mwanya wo gushira agati mu ryinyo, kiretse nihashika igihe ata murwayi n'umwe azosubira kugaragara.