Ibitero vy'abarwanyi birabandanya muri Nigeria

Boko Haram ibandanije ibitero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu b
Image caption Boko Haram ibandanije ibitero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria

Abantu vyibazwa ko ari abarwanyi ba ki Islam bagavye ibindi bitero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Abatuye mu muji wa Maiduguri bavuga ko haturitse ibisasu bibiri ku soko rikuru.

Abajejwe ibitaro bavuga ko abantu batandatu bishwe, abantu barenga mirongo ine barakomereka.

Ibisasu bibiri vy'abiyahuzi vyahitanye abantu barenga mirongo indwi muri ako karere nyene mu ndwi iheze.

Mu gitondo c'uno munsi, abantu vyibazwa ko ari abarwanyi ba Boko Haram, baturiye ikirindiro c'abapolisi mu muji wa Damaturu.