Abashakashatsi bavuga ko VIH iriko irata ubukana

Abahinga bavuga ko umugera utera SIDA utagikaze nka kera Uwufise ububasha kw’isanamu spl
Image caption Abahinga bavuga ko umugera utera SIDA utagikaze nka kera

Icigwa gikomeye c'abashakashatsi kivuga ko umugera utera SIDA, VIH, ugenda uratakaza ubukare bwo gushobora kwica.

Abashakashatsi bo kuri Kaminuza ya Oxford mu Bwongereza, ivyo babimenye nyuma yo kugira ubushakashatsi ku majana y'abagore bo muri Botswana.

Uwo mugwi w'abashakashatsi wasanze umugera VIH utegerezwa guca mu bihe vy'uguhindagurika bikawonona, ingaruka kuri wo zikaba ari uko ubu biwutwara igihe kire kire cane kugire uvemwo SIDA.

Abahinga bavuga ko ivyo bishimishije ariko kandi bakavuga ko uwo mugera ukiri umwansi akomeye.