Libani yafashe umugore w'umukuru wa I-S

Umugore n'umwana ba Abu Bakr al-Baghdadi boba bafiswe na Libani Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umugore n'umwana ba Abu Bakr al-Baghdadi boba bafiswe na Libani

Abajejwe intwaro muri Libani bavuga ko bafashe umugore n'umuhungu b'umukuru w'umugwi wiyita leta ya Islam, Abu Bakr al-Baghdadi.

Bavuga ko bafatiwe ku rubiwe ku muhora winjira muri Syria.

Ikinyamakuru gikorera i Beirut, Assafir, kivuga ko haciye iminsi bafashwe bariko baragerageza kwinjira muri Libani bakoresheje impapuri z'amagendo, ubu ngo bakaba bariko barahatwa ibibazo n'umushikiranji bujejwe kwivuna abansi.

Ico kinyamakuru kivuga ko bafashwe hakurikijwe amakuru yatanzwe n'inzego z'iperereza zo hanze.

Umugwi leta ya Islam ufise imbohe z'abasirikare ba Libani ukaba uvuga ko ugiye kubica, umunyamakuru wa BBC ariyo akavuga ko Libani ishobora gukora aba yafashe mu gushira igitsure kuri leta ya Islam.