Kenyatta yahinduye abategetsi nyuma y'ubwicanyi

Al Shabaab yishe abakozi bahingura amabuye yo kwubaka muri Kenya
Image caption Al Shabaab yishe abakozi bahingura amabuye yo kwubaka muri Kenya

Umukuru w'igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yahinduye umushikiranganji w'intwaro yo hagati hamwe n'umukuru w'igipolisi nyuma y'iyicwa ry'abahingura amabuye 36.

Abo bakozi bishwe mw'ijoro ryakeye n'abarwanyi b'umugwi wa ki Islam wo muri Somalia, Al Shabaab.

Bwana Kenyatta ivyo yabimenyesheje mw'ijambo ryaciye kuri television.

Yavuze ko abagavye ico gitero i Mandera, bakarasa canke bagaca imitwe abatari aba Islam, ari ibikoko vyataye umutwe.

Yahamagariye abanye Kenya kwiyunga bagahangana n'ico yise intambara y'iterabwoba.

Batewe baryamye

Amakuru avuga ko abo bateye baje mw'ijoro, barasagura mu mahema abo bakozi bari baryamyemwo.

Ababibonye bavuga ko baciye bakuramwo abatari aba Islam, bamwe babaca imitwe abandi barabatondeka baca barabarasa.

Image caption Kenyatta avuga ko abishe abo bantu ari ibikoko vyataye umutwe

Haciye iminsi cumi Al Shabaab igandaguye abantu mirongo ibiri n'umunani batari aba Islam, bakuwe mu ngenzi zari mw'ibisi muri ako karere nyene ko muri Kenya, hafi y'urubibe na Somalia.

Kuwa mbere umuntu umwe yarishwe abandi cumi na babiri barakomereka, mu gitero ca grenade hamwe n'inkoho mu kabare gakundwa n'abatari aba Islam mu muji wa Wajir uri mu buraruko bushira ubuseruko.