Abashinwa barenga 70 bafatiwe muri Kenya

Abafashwe bari bafise ivyuma bibashoboza kwinjira muri konte z'abandi
Image caption Abafashwe bari bafise ivyuma bibashoboza kwinjira muri konte z'abandi

Abashinwa barenga mirongo indwi bafatiwe muri Kenya bakekwa ubugizi bwa nabi bubera kuri computer, bita hacking, i Nairobi.

Bafatiwe mu mukwabu wagizwe ku nzu nziza cane yahinduwe ibiro bikuru vy'ubusuma bwo kuri internet.

Ibitangazamakuru vyo muri Kenya bivuga ko abo Bashinwa bari bafise ibikoresho bibashoboza kwinjira muri konte z'abantu, mu vyuma bitanga amafaranga hamwe no mu mihora ya telefone ngendanwa muri Kenya.

Ibiro biserukiye ubushinwa i Nairobi bivuga ko biriko birakorana n'abajejwe itohoza.