Mugabe atunga agatoke bamwe muri Zanu-PF

Robert Mugabe yikeka abamugambanira muri Zanu-PF Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Robert Mugabe yikeka abamugambanira muri Zanu-PF

Umukuru w'igihugu wa Zimbabwe, Robert Mugabe, yagirije bamwe mu mugambwe uri ku butegetsi, Zanu-PF gushaka kumutembagaza.

Aho yafata ijambo mu nama y'umugambwe, bwana Mugabe yavuze ko hari abagerageje guha ibiturire abaserukiye abandi ngo bamukure ku butegetsi, ngo ariko ntihabonetse intumwa zikwiye.

Yanenze kandi uwari icegera ciwe, Joice Mujuru, yagirijwe kumugambanira, amwita umusuma.

Umugambwe uri ku butegetsi muri Zimbabwe umaze igihe urangwamwo indyane zivuye ku kurondera uwuzosubirira bwana Mugabe w'imyaka 91, akaba yaratwaye ico gihugu kuva cikukira.

Yavuze ko iciyumviro c'uko yogira uwo abisa kitagira epfo na ruguru.