ICC yakuyeko ivyaha irega Uhuru Kenyatta

Uhuru Kenyatta yari yagirijwe guteza ubwicanyi bwo mu 2008 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uhuru Kenyatta yari yagirijwe guteza ubwicanyi bwo mu 2008

Abashinjacaha ba sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ICC, bakuyeko ibirego vyose barega umukuru w'igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta.

Kenyatta yari yagirijwe ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu, bijanye no gukwegera abantu mu bwicanyi bwakurikiye amatora mu 2008.

Ibiro vy'umushinjacaha vyavuze ko hataraboneka ibimenyetso bihagije kugira bamushinje ivyo vyaha ata gukekenranya.

Ubushinjacaha bwankiwe kwongerwa umwanya wo gushaka ivyo bimenyetso.