Abanyamerika ntibari bazi ko Pierre Korkie ari kumwe na Luke Somers

Uwufise ububasha kw’isanamu GIFT OF TH GIVERS
Image caption Pierre Korkie (i buryo) yari yanyururijwe muri Yemen mu kwezi kwa gatanu mu 2013

Ingabo zidasanzwe za Amerika zagerageje gutabara umunyamakuru Luke Somersyari yafashwe na al-Qaeda muri Yemen ntizari zizi umwidondoro w'iyindi mbohe bari kumwe, nk'uko umutegetsi wo muri Amerika yabibwiye BB.

Umwigisha aturuka muri Africa y'Epfo Pierre Korkie na Somers barashwe muri ico gitero n'abari babanyuruje ari naho handurutse urupfu rwabo.

Ishirahamwe ry'abagiraneza Korkie yakorera ryavuze ko vyari vyitezwe ko arekurwa kuri uyu wa mungu.

Mw'itangazo ryasohoye rivuga ko gikorwa c'abanyamerika caciye cica vyose.

Amerika ivuga kom ico gitero mu bumanuko bwa Yemen cagizwe kuko hari inkuru ko ubuzima bwa Somers bwari bugeramiwe cane.

Ariko bivugwa ko hari amafaranga yari yatanzwe kugirango Korkie arekurwe.

Abakozi bamwe bamwe muri iryo shirahamwe yakorera, Gift of the Givers, baranegura Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abariko baragerageza kubatabara babashikiriye basanga bamaze kuraswa, Pierre Korkie aca apfira muri kajugujugu nawe Luke Somers yatanguye kuvurwa babashikanye ku bwato bw'abanyamerika.

Ico gikorwa co ku wa gatandatu cari gifatanijwe n'ingabo zidasanzwe za Amerika na Yemen mu ntara ya Shabwa iri mu bumanuko bwa Yemen.

Umukuru wa Amerika Barack Obama yateye ivyatsi iyicwa rya Somers avuga ko ari igandagurwa bunyamaswa.

Uwufise ububasha kw’isanamu no
Image caption Luke Somers yari umunyamakuru akongera agafotora

Somers na Korkie bari bagizwe imbohe na al-Qaeda, ishami ryo mu bihugu vy'abarabu bikora kw'ibahari Indiano AQAP ribonwa n'abanyamerika nka rimwe mu yica cane.

Iryo shami rishingiye muri Yemen y'ubuseruko rikaba ryashoboye gushinga imizi muri ico gihugu gikenye gisanzwe gihanzwe n'ibibazo vyinshi kuva hatembagajwe prezida Ali Abdullah Saleh mu 2011.

Prezida Obama yavuze ko ariwe yatanze uruhusha rwo kugerageza gutabara Somers hamwe n'izindi mbohe ziri muri ako karere.

Yavuze ko inkuru bari bafise ari uko ubuzima bwa Somers bwari bugeramiwe. Yahojeje kandi umuryango wa Korkie avuga ko ibihe vy'umubabaro urimwo bitagira amajambo yo kubivuga.

Muri ico gikorwa hari n'abagwanyi ba al-Qaeda bahaguye.

Umutegetsi w'umunyamerika yabwiye New York Times ko abari bafise Somers w'imyaka 33 aribo bamurashe igihe igikorwa co kumutabara cari gitanguye, ingabo za Amerika zikaba zamushikiriye yakomeretse cane.

Yashikanywe ku bwato bw'ingabo za Amerika muri ako karere aja yamaze gupfa.

Somers yakora nk'umunyamakuru n'umufotozi w'ibinyamakuru vyo muri Yemen. Ariko bimwe mu bikorwa vyiwe vyarakoreshejwe n'ibinyamakuru mpuzamakungu harimwo n'urubuga rwa internet rwa BBC.

Vyari vyitezwe ko Korkie arekurwa kuri uyu wa mungu.

Yanyurujwe ari kumwe n'umugore wiwe Yolande mu kwa gatanu mu 2013 mu gisagara ca Taiz kiza ubugira kabiri mu bunini muri Yemen.

Umugore yarekuwe ku wa 10 ukwa mbere ata gisabwe aca asubizwa muri Africa y'Epfo.