Umukuru muri al-Qaeda Adnan el Shukrijumah 'yiciwe muri Pakistan'

Adnan el Shukrijumah
Image caption Adnan el Shukrijumah

Umwe mu bakuru b'umuhari al-Qaeda, yagirizwa kuba yariko arategura guturitsa ibibombe mu ma tereni ya New York na Londres, yiciwe muri Pakistan, nk'uko bimenyeshwa n'igisirikare muri ico gihugu.

Adnan el Shukrijumah yiciwe mu gitero cabaye mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistan, hafi y'urubibe na Afghanistan, kn'uko igisirikare muri Pakistan kibandanya kibivuga.

FBI imuvuga nk'uwari ajejwe ibikorwa vya al-Qaeda kw'isi yose, ikibanza cigeze kuba kirimwo n'uwibazwa ko ariwe yateguye ibitero vyo ku wa 9/11, Khalid Sheikh Mohammed.

Shukrijumah yavukiye muri Arabia Saudite yongera araba cane muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yaravuzwe mu rubanza rwo muri Amerika nk'uwafashije mu caha cakurikirana abantu batatu bagirizwa kuba barateguye ibitero vy'ama bombe kuri metro (itereni/gariyamoshi zo mu kuzimu) ya New York mu 2009.

Aranakekwa kuba yaragize uruhara mu gutegrura ibitero vya al-Qaeda muri Panama, Norvege n'Ubwongereza.