Nibura 30 bishwe i Beni muri Congo

Ingabo za Congo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu karere ka Beni hasanzwe hari ingabo za Congo n'iza ONU zo mu rwego MONUSCO

Abantu nibura 30 bivugwa ko bishwe mu bitero vyagabwe ku bigwati vyo mu karere k'ubuseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Congo.

Ivyo bitero bivugwa ko vyagabwe ku wa gatandatu mw'ijoro mu bigwati biri hafi y'igisagara ca Beni.

Abantu barenga 250 baramaze kwicwa muri ako karere kuva mu kwezi kw'icumi.

Mu bitero vyabaye imbere, abatera bakoresha ibibezi n'ipanga mu kwica abantu.

Abategetsi begeka ubwo bwicanyi ku muhari wo muri Uganda ADF.

Ariko hari ibihweza ibintu n'ibin.di bavuga ko ata vyemezo bikwiye biriho vyo gushira ubwo bwicanyi kuri uwo muhari.

Mu minsi iheze abashingamateka bakurikirana ibibibera Beni bashikirije icegeranyo c'ivyo abanyagihugu bababwiye kuri ubwi bwicanyi bumaze igihe bubera muri ako karere.

Basavye inama nshingamateka gushinga umugwi wo gutuhoza kuri ubwo bwicanyi.

N'ubwo bukunze kwagirizwa umuhari ADF, biravugwa ko hari abanyekongo bashibora kuba bafise uruhara muri ubwo bwicanyi.