Umugore wa Mugabe mu kibanza gikomeye mu mugambwe

Robert Mugabe Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Robert Mugabe, afise imyaka 90, atwaye Zimbabwe kuva mu 1980

Umukuru wa Zimbabwe Robert Mugabe yaraye asubiye kugenwa ngo abe umukuru w'umugambwe wiwe ZANU-PF uri ku butegetsi.

Nawe umugore wiwe Grace Mugabe ashingwa ikibanza ca mbere gikomeye muri uwo mugambwe.

Kuba Grace Mugabe yaraye ashinzwe kuba umukuru w'ishami ry'abagore muri uwo mugambwe bimushize mu kibanza ciza co gushobora gusubirira umugabo wiwe muri kazoza nk'uko abihweza ibintu n'ibindi babivuga.

Mugabe w'imyaka 90 azosubira kwitoza mu matora azoba mu 2018.

Avugira mw'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe, Mugabe yashimiye abantu ibihumbi n'ibihumbi bamushigikiye basubiye kumutora ngo abe umukuru w'umugambwe.

Mugabe atwaye igihugu ca Zimbabwe kuva mu 1980.

Igenwa ry'umugore wa Mugabe mu kibanza co gutwara ishami ry'abagore ribonwa nk'ikindi kimenyetso ko Joyce Mujuru, yigeze kubonwa nk'uwushobora gusubirira Mugabe, ubu yakumiriwe.

Madame Mujuru yari kumwe na Mugabe mu kurwanira intahe yo kwikukira ya Zimbabwe bagikura mu ntwaro y'inkehwa z'abazungu.

Ariko ikibanza ciwe muri politike catanguye kugira ibibazo aho umugore wa Mugabe, Grace w'imyaka 49, yinjiriye muri poloitike uyu mwaka, hanyuma akagiriza icegera c'umukuru w'igihugu gutegura kugandagura umugabo wiwe.

Image caption Abashigikiye Joyce Mujuru bavuga ko yahowe imvo za politike

Ku wa kane Mugabe yabwiye ikoraniro kaminuza ko Madame Mujuru ari umusuma arya ibiturire kandi ko yateguye kumwica.

Ariko umwe mu bantu baherutse kwirukanwa muri ZANU-PF Rugare Gumgo yabwiye BBC ko Mugabe yarondeye aho aca Mujuru kugirango ahe amahirwe umugore wiwe.

Mugabwe yabwiye abamushigikiye ko azomenyesha uwusubiriye Mujuru muri iyi ndwi itanguye, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AP.

Vyibazwa ko ikibanza ca Mujuru gishobora gusubiramwo ministre w'ubutungane Emmerson Mnangagwa.