Burundi: Ihuriro rishya rya politike

Agathon Rwasa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Agathon Rwasa

Amashyaka n'amashyirahamwe ya politike umunani yishyize hamwe kugirango arwanye ubutegetsi buriho mu Burundi.

Ayo mashyaka na Uprona uruhande rwa Charles Nditije, FNL uruhande rwa Agathon Rwasa, Frodebu Nyakuri ya Jean Minani, Vert Intwari, Paribu Intahemana, Pacide Imboneza, Nadebu na Raddes.

Nta zina iri huriro ryari ryiyita ariko ryiyemeje ko rizajya mu matora ateganije umwaka utaha mu Burundi, rigashyiraho umukandida umwe ku mwanya w'umukuru w'igihugu, intonde zimwe mu bashingamateka, abakenguzamateka n'abajyanama ba komini.

Mu maguru mashya iri huriro rigiye kumenyesha abarundi n'amahanga imigabo n'imigambi bahuriyeho (platforme politique commune) kugirango bubake Uburundi burimo amahoro, umutekano n'iterambere, Uburundi buzira uburyarya, ubwicanyi n'andi mabi bavuga ko akorwa n'ubutegetsi buriho ubu.