Ibihugu vyumvikanye kugabanya ubushuhe kw'isi

Biragoranye kwumvikana ku kugabanya ukwiyongera kw'ubushuhe kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Biragoranye kwumvikana ku kugabanya ukwiyongera kw'ubushuhe kw'isi

Inama ya ONU ku kibazo c'ikirere yabera i Peru yaheze abayitavye bumvikanye ku ngingo nkeyi zo kugabanya ukwiyongera kw'ubushuhe kw'isi.

Integuro y'ivyumvikanywe itegekanya ko ibihugu bikenye bizoronswa amahera yo kurwanya kwiyongera kw'ubushuhe.

Ibihugu bikize navyo vyemerewe uburyo bushasha bizokurikiza mu kugenzura intambwe zose bizofata zigamije kugabanya ivyuka bizana ubushuhe kw'isi.

Ishirahamwe rya Buraya ryavuze ko uyu mwumvikano ari intambwe nziza yo gushika ku masezerano yo ku rwego rw'isi mu mwaka uza.

Ariko Ubuhindi buvuga ko hakirimwo ingingo yuko ibihugu biri mu nzira y'amajambere bigomba kuja imbere mu kubanya ivyuka bizana ubushuhe kw'isi.

Ariko ingingo zihambaye vyumvikanywe ko zizokwigwako mu mwaka uza, amashirahamwe aharanira gukingira ibidukikije akavuga ko ivyashitsweko ata kamaro bizogira.