Ibitero vy'abashigikiye IS birakaze muri Irake

Abasirikare ba Irake bahanganye na IS mu ntara ya Anbar Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare ba Irake bahanganye na IS mu ntara ya Anbar

Abarwanyi bashigikiye umugwi wiyita Leta ya Islam, babandanije kwegera imbere mu mirwano ibera mu ntara ya Anbar muri Irake.

Hari amakuru avuga ko ibigwati biri mu karere kegereye umuji wa Al-Baghdadiyah vyafashwe n'abo barwanyi bamaze gusubiza inyuma abajejwe umutekano mu mirwano ikomeye cane.

Nk'uko bivugwa n'abo mu gisirikare mu muji wa Anbar, Leta ya Islam ngo ubu ibangamiye n'ikibuga c'igisirikare ca al-Asad.