Netanyahu ntazemera kurekura ivyibare vya Palestine

Netanyahu ngo ntashobora kwemera kuva mu vyibare vya Palestine Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Netanyahu ngo ntashobora kwemera kuva mu vyibare vya Palestine

Imbere y'inama ku kibazo c'uburasirazuba bwo hagati, umushikiranganji wa mbere wa Israel yavuze ko atazokwemera ingingo yo kworohereza Palestine.

Bwana Netanyahu yavuze ko yiyemeje guhagarika umugambi uzoshikirizwa muri ONU mu nama yitezwe ejo.

Uwo mugambi ngo ushobora kubwiriza akana ka ONU kajejwe umutekano kagashigikira ingingo zibwiriza Israel gusubiza ivyibare vya Palestine yigaruriye, mu kiringo c'imyaka ibiri.

Ariko nk'uko bwana Netanyahu yabivuze, ngo bibaye vyotuma intagondwa z'aba Islam ziza gutura hagati mu muji wa Jerusalem, ngo ivyo ntavo ntashobora kuvyemera.

Ivyo yabivuze imbere y'inama yitezwe ejo kuwa mbere mu muji wa Roma hamwe n'umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry.