Ministre wa mbere wa Australia: hari ibibazo vyo kwibaza

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Umushingwamanza Katrina Dawson n'umukuru w'inzu y'uburiro Tori Johnson baguye muri iryo fatwa

Ministre wa mbere wa Australia Tony Abbot aribaza igituma umugabo afise inkoho yagize abantu imbohe mu gisagara ca Sydney atari yarashizwe ku rutonde rw'abantu bamizwako ijisho kubera ibikorwa vy'iterabwoba.

Yavuze ko reta izokwihweza igituma Man Honis yari yarekuwe vy'agateganyo.

Abbot yibutse imbohe zibiri zaguye muri iryo faatwa ryo ku wa mbere , avuga ko bari abantu beza.

Izo mbohe zibiri hamwe na Monis bapfuye igihe aba commando b'aba polisi batera iyo nzu y'uburiro mu kibanza ca Martin Place ku wa kabiri mu gitonfo, gutyo barangiza iryo fatwa ryari rimaze amasaha 16.

Amatohoza yatanguye ku buryo igipolisi cakoze ico gikorwa.

Abapolisi bariko baratohoza kandi ku mvo za Monis-impunzi y'umunye Iran yari azwi ko ari intagondwa kandi akurkiranwa ku vyaha vyinshi-n'ingene yaronse inkoho.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru , ministre wa mbere Abbot yavuze ati: ''bigendea gute ngo umuntu afise kahise nk'ako kandi kazwi ntabe ari kuru rutonde rw'abarabirwa hafi kandi bigenda gute ngo umuntu nk'uwo abe yidegemvya mu bantu.

''Ibi n'ibibazo dutegerezwa kwihweza neza, twitonze kandi n'ubuhinga''.

Ariko Abbot yavuze ko vyari no gushoboka ko bishika n'ubwo Monis yari kuba ari kuri urwo rutonde.

Abapfuye muri iryo girwa ry'imbohe bavuzwe ko ari umukuru w'iyo nzu y'uburiro Tori Johnson w'imyaka 34, n'umushingamanza wo muri Sydney Katrina Dawson w'imyaka 38.

Aho mu kibanza ca Martin Place, abantu biriwe baraza kwandika mu gitabo co guhoza ababuze n'ukuzana amashurwe yo kwibuka abapfuye.