Abashigikiye Agathon Rwasa bagize imyiyerekano

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Abari baje gushigikira Agathon Rwasa baciye baduga iwe n'amaguru

Abantu insinzio bashigikiye Agathon Rwasa bagize imyiyerekano kuva mu gisagara hagati baja imuhira iwe n'amaguru.

Agathon Rwasa yari aramutse arenguka ubwa imbere ku mushikiririzamanza muri sentare isubiramwo imanza i Bujumbura ku bijanye n'ubwicanyi bwahitanye abanyekongo b'abanywamurenge mu Gatumba mu 2004.

Ico gihe Rwasa niwe yari umukuru wa PALIPEHUTU FNL wari umuhari witwaje ibiganisho mu Burundi.

Hiciwe abanyamurenge barenga 160.

Uwari umuvugizi wa PALIPEHUTU FNL ico gihe, Pateur Habimana, yavugiye ku maradiyo yemenga ko ari uwo muhari wagavye ico gitero.

Aja kwitaba umushikirizamanza, Agathon Rwasa yari yaherekejwe n'isinzi ry' abantu,

Ariko kurenguka imbere y'umushikirizamanza vyahavuye bisiba.

Abo bari bamuherekeje baciye bagira imyiyerekano gushika aho aba.

Uwo yahoze arongoye umuhari Palipehutu Fnl, avuga ko n’aho yari yitavye ngo yaraje kwereka ubutungane ko ata bubasha bufise bwo kumukurikirana, kuko agifise ubudahangarwa bwavuye mu masezerano yagiraniye na leta igihe yemera gushira ibigwanisho hasi.

Vyinshi mu vyaha vyakozwe mu gihe c'intambara mu Burundi no muyandi magume yashikiye Uburundi kuva bucikukira birindiye gutohozwa n'umurwi uherutse gushinzwe ku ndwi yahera.

Uwo mugwi urongowe na musenyeri w'umukatolika Jean Louis Nahimana ufise imyaka ine kugira ube washikirije icegeranyo.