Jolly Tumuhirwe yakatiwe gupfungwa 4

Jolly Tumuhirwe
Image caption Jolly Tumuhirwe

Umuyaya wo muri Uganda yakatiwe na sentare umunyororo w'imyaka ine kubera guhohotera umwana w'igitambambuga inyuma y'urubanza rwababaje abantu aho hasohokeye video yamufashe.

Jolly Tumuhirwe, w'imyaka 22, yafashwe na video ariko akubita uwo mwana w'amezi 18, amusunura yongera amuhonyorako.

Ku wa gatanu yavuze ko ivyo yabikoze yihora ko nawe nyinabuja yahora amukubita.

Uwo muvyeyi yarabihakanye. Ivyaha vya mbere vyo kwica rubozo vyarahebwe.

Umucamanza mukuru Lillian Buchan yabwiye Tumuhirwe ko yakoze icaha kidashobora kuronka insiguro kandi kidashobora kugirirwa imbabazi.

Yavuze ko ico gihano gikwiye uravye ububushiha yerekanye kuri uwo mwana ''w'ikitazi kandi atagira gitabara'' nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Se w'umwana, Eric Kamanzi, yashize camera mu nzu yiwe amaze kwikeka ko umwana afatwa nabi

Ayo masanamu ya video arinayo yatumye urwo rubanza ruba, yafashwe na camerra se w'umwana, Eric Kamanzi yashinze mu nzu yiwe amaze kubona ko umukobwa wiwe yari afise ibipfupfuri kandi agenda aracumbagira.

Yaciye abwira igipolisi ubwo bugizi bwa nabi hanyuma aca arungikira kuri internet iyo video abo mu muryango wiwe.

Iyo video mu nyuma yaciye ihanahamwa hensi kw'isi ituma abantu bababara cane.

Kamanzi yavuze ati: Si twebwe dutegerezwa gufata ingingo ku gihano ku vyo yakoze''.

''Twizeye ko ibi vyabaye akarorero ku bandi bayaya ko udashobora gufata umwana w'umuntu ngo umuhohotere hanyuma ugume amarembe'' nk'uko bishikirizwa na AFP.

Uwundi wo mu muryango, Rose Zimulinda, yavuze ko uwo mwana ku mubiri ameze neza ariko ko ashobora kuzomara igihe agifise ingaruka z'ihahamuka.

Muri Uganda nta rugero rw'ubumenyi rusabwa ku bantu bakora akazi ko kurera abana.

Abapolisi bagira inama abantu kubanza kubaza ababanyi, abagenzi, abapolisi b'aho bari n'abandi baba barigeze gukoresha uwo baba bashaka guha akazi ko kurera abana.