Kenya yatse uruhusha amashirahamwe yigenga 'ku mutekano'

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Kenya muri ino minsi yarongereje ingingo z'umutekano

Reta ya Kenya yatse uruhusha rwo gukora amashirahame atagengwa na leta 510, harimwo ayagirizwa kuba afitaniye isano n'iterabwoba nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Reta yugaye kandi ama konte yayo muri banki anafuta impusha z'akazi ku banyamahanga bayakoramwo.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y'aho habereye impari zikomeye muri Kenya kw'itegeko rishasha mu vyerekeye umutekano rigamije kurwanya abagwana bitwaza amadini.

Umuhari ufitaniye isano na al-Qaeda wa al-Shabab ugize igihe worongereje ibitero muri Kenya.

Ayo mashirahamwe yatswe impusha kuko atatanze ingene yakoresheje amafaranga yayo, nk'uko vyavuzwe na Henry Ochido, icegera c'uwurongoye urwego rwa reta rukurikirana ibikorwa vy'amashirahamwe atagengwa na leta.

15 muri ayo mashirahamwe yahagaritswe kubera gushigikira iterabwoba, nk'uko Ochido yabibwiye BBC.

Al-Shabab iherutse kwica abantu 64 mu bitero bibiri mu kwezi guheze ahitwa Mandera mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya.

Abatari aba Islam bashizwe ukwabo baca bararaswa mu gitero ku bakozi bamena amabuye n'ibisi.

Umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta aherutse kuvuga ko reta itazohesha mw'ishaka ryo kunesha abo bakora iterabwoba.