Abagwanyi ba M23 basubijwe aho bahora muri Uganda

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru wa M23 Bertrand Bisimwa

Abahoze ari abagwanyi ba M23 bahungiye muri Uganda burijwe amamodoka basubizwa aho bahora.

Bari bahunze ku wa kabiri bava aho bahora mw'ishire rya girikare muri Uganda batinya gusubizwa iwabo muri Congo. .

Ku wa gatatu abarenga igihumbi bari bahitse mu kibanza c'impunzi ahitwa Ramwanja mu bumanuko bushira uburengero bwa Uganda.

Ariko kuri uyu wa kane, abasirikare n'abapolisi ba Uganda bazindutse kuburiza amamodoka babasubuza mw'ishure rya girikare bari bacumbikiwemwo, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga.

Bibineka ko hoba habayeb umwimvikano kuko abo bahoze ari abagwanyi batananye mu kwurizwa ayo mamodoka., nk'uko Byaruhanga abandanya abivuga.

Abantu amajana n'amajana ba M23 barahungiye muri Uganda no mu Rwanda igihe uwo muhari watsindwa n'ingabo za Congo zifatanije n'iza ONu haraheze umwaka.

Bavuga ko bashaka ubuhungiro kambi kuko bafise ubwoba bw'umutekano wabo hamwe boramuka basubiye iwabo.

Umwe muri abo bahoze ari abagwanyi yabwiye BBC ko ubu ata bwoba bagiteye.

Ariko abajejwe umutekano muri Uganda n'ubu baguma bameze magabo. Abategetsi b'iyo kambi bavuze ko badashaka kuvanga abo bahoze ari abagwanyi n'abanyagihugu basanzwe. Abenshi mu bari basanzwe ngaha n'abateshejwe izabo bahunga aho M23 yari yateye mu gihe c'intambara.

Ku wa kabiri umukuru w'umuhari wa M23 Bertrand Bisimwa yari yavuze ko abarwanyi bawo babarirwa mu majana bahunze bakava aho bacumbikiwe mw'ishuri rya gisirikare mu burengero bwa Uganda.

Yongeye avuga ko abantu bake gusa bari barwaye aribo basigaye muri iyo kambi. Ariko umuvugizi w'ingabo za Uganda Lieutenant Colonel Paddy Ankunda arahakana ko bose batorotse. Yavuga ko benshi muri abo bagwanyi bakiri muri iryo shure rya gisirikare, ahantu hari urugendo rw'imodoka rw'amasaha ane uvuye Kampala.

Intumwa za Congo mu kwezi guheze zari muri Uganda kwumvikana n'abo bahoze ari abagwanyi ingene botahuka mu gihugu. Igihe M23 yatsindwa n'ingabo za leta ya Congo mu mwaka uheze zifashijwe n'ingabo za ONU, bamwe mu bagwanyi bayo baciye bahungira mu bihugu vya Uganda n'Urwanda.

Uwo mugwi wari umaze umwaka urwanya leta ya Congo.

Ico gihe ONU yagiriza Urwanda na Uganda gushigikira abo barwaniriza leta ya Congo mu buseruko bw'ico goihugu.

Ikirego ivyo bihugu vyompi vyagumye bihakana.